• info@fondationuwiragiye.org
  • + 257 69 096 922/257 79 077 533

  “ TUJE HAMWE TWESE DUHINDURE ISI YACU KUGIRA IDUFASHE GUSHIKIRA ITERAMBERE RIRAMA,ABAGENDANA UBUMUGA BADASIGAYE INYUMA”

  “ TUJE HAMWE TWESE DUHINDURE ISI YACU KUGIRA IDUFASHE GUSHIKIRA ITERAMBERE RIRAMA,ABAGENDANA UBUMUGA BADASIGAYE INYUMA”

#Ni icivugo mpuzamakungu c’uno mwaka,ni ukuvuga umwaka wa 2022 ari naco igihugu c’uburundi cashimye guhimbaza k’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, aho Uburundi bwahimbaje uwo musi kw’igenekerezo rya 10 ndamukiza 2023 muri komine ya Kabezi, Intara ya Bujubmura, ibirori vyo guhimbaza uwo musi bikaba vyari vyatewe iteka na nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi #Evariste NDAYISHIMIYE.

#Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE,Umushikiranganji wo Gushigikirana,imibano Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari nawe asanzwe ajejwe abagendana ubumuga mu Burundi, yarashimiye kuburyo budasanzwe Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi k’ukungene yitwararikana urukundo rwinshi, ubwitonzi n’ubwira intama ziwe,gutyo ngo akama hafi abenegihugu biwe, abagendana ubumuga badasigaye inyuma.

#Yamenyesheje ko abagendana ubumuga bari baripfuje cane ko nabo yobatera iteka mukuza ubwiwe guhagararira ibirori vy’uwo musi mukuru wabahariwe w’2022, akaba ndetse ari naco gituma ngo uyo munsi mukuru wahora uhimbazwa kw’igenekerezo rya gatatu kigarama ukwo umwaka utashe waciye uhimbazwa kw’igenekerezo rya 10 ndamukiza 2023, kumvo zuko nyenicubahiro yakiranye urweze iciyumviro c’abagendana ubumuga c’uko yobatera iryo teka mu kubana nabo kuwo munsi wabahariwe.

#Yibukije abaraho ko abagendana ubumuga batazigera bibagira Umuhisi #perezida petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi, kuko ngo hari mu kayanza, ku wa 03 kigarama 2009, aho abagendana ubumuga bariko bariginana, nawe akaba yari yateye iteka ibirori nk’ivyo, acafata ingingo idasanzwe yo kugwiza na gatanu uburyo bwagenewe abagendana  ubumuga, gutyo buva ku mafaranga imiliyoni amajana atatu buja k’umuliyaridi n’igice. Ngo iyo ngingo yaratumye abagendana ubumuga bakorerwa vyinshi, kubera ibihe uburundi bwagiye buracamwo, ubwo buryo bwagiye buragabanywa ariko ngo akaba yizeye ko bukebuke bazosubira kuburonswa ndetse bukanarenga.

#Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE, yavuzeko  umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga kutaje giturumbuka, ngo washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu nama yaryo yo mu mwaka w’1976, mu mwaka w’1981,iryo shirahamwe ryaciye rigena ko uwo mwaka nyene woba uwagenewe abantu bagendana ubumuga (année international dédiée à la personne handiicapée), hama rirongera rirashinga ko kuva mu mwaka w’1992 yoba imyaka 10 yitiriwe abagendana ubumuga.

Ngo mumpera ziyo myaka 10 ni ukuvuga mu mpera z’umwaka w’1992, ibihugu bigize iryo shirahamwe, mu nama yavyo, vyarashinze ko uko umwaka utashe, igenekerezo rya 3 kigarama  hohimbazwa mu bihugu vyose  umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, maze kakaba akaryo ko kwirimbura,abantu bakarabira hamwe ivy’akozwe, ivyagoranye gutyo  bakiha iyindi ntumbero izobaranga  mu mwaka wose  biciye mugutora n’icivugo bijanye. Niko guca bagaruka kucivugo mpuzamakungu c’uno mwaka, ni ukuvuga umwaka w’2022 ari naco igihugu c’Uburundi cashimye kugumya kikaba kivuga giti:”TUJE HAMWE TWESE DUHINDURE ISI YACU KUGIRA IDUFASHE GUSHIKIRA ITERAMBERE RIRAMA,ABAGENDANA UBUMUGA BADASIGAYE INYUMA”.

#Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yasiguye ko kugira ngo bafatire kuri wa mugambi w’iterambere ry’igihugu  w’imyaka cumi(2018-2027) hamwe na politique y’igihugu n’indinganizo y’ivyokorerwa abagendana ubumuga  muri iyi myaka itanu(2020-2024), ndetse hakanisungwa  ya migambi yiterambere  rirama(2015-2030) y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho na cane cane bavugako atanumwe yosigara inyuma mw’iterambere, ubushikiranganji bwose, amashirahamwe yose ndetse n’abantu bose, umwe wese muvyo ajejwe yumveko akwiye gukora uko ashoboye kose kugira  ngo yame na ntaryo yitwararika ko kugira bashikire iterambere rirama ari ukwo mu migambi yose y’iterambere yiyumviriwe hobanza kuraba ko ibibazo vy’abagendana ubumuga batavyirengagije, ngo abo nabo bagasabwa ko umwe wese m’ubumuga bwiwe yokwumva ko iterambere rimuraba kandi ko afise ico aterera igihugu kugira ngo bose babone kubaho atawe basize inyuma gutyo bashobore kwubaha ikibano kidakumira.

Uwurongoye ikigo Fondation Uwiragiye Umukenyezi  Sylvie# UWIRAGIYE, ico kigo kikaba arinaco cabereyemwo ivyo birori, yashimiye cane nyecicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, kuba yateye iteke ikigo Fondation Uwiragiye acagirako amusaba ko yomushigikira mu kumuronsa amazi, hamwe no kubaha ibitaro ngaho muri ico kigo ivyo bafasha cane kuvura abagendana ubumuga, eka mbere n’abandi benegihugu badasigaye inyuma.

#Buramatari w’intara ya Bujumbura nawe mw’ijambo ryiwe akaba yasavye ko nyenicubahiro yogendera cane iyo ntara, kuko ngo ari nyabagendwa, eka mbere n’ibibazo vy’amatongo ari hepfo y’ibarabara rya 5 ry’ikaburimbo ko abenegihugu boyarima.

Uwaserukiye abagendana ubumuga Umushingantahe Cassien Bizabigomba mw’ijambo ryiwe, akaba yasavyeko uburyo bwahora buhabwa abagendana ubumuga  bwari bwagwijwe na 5, buciye mu bushikiranganji bwo gushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, ko bwosubira bukaduzwa kuko ngo bwagabanutse, ivyo bigatuma imigambi bahora bakora batakiyirangura.

#Nyenicubahiro umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba yarashimye cane kandi akavuga ko ari icirwa gikomeye yahakuye co kwibonera ko abagendana ubumuga bashoboye ibitari bike. Yavuze ko ibikorwa vyo gufasha  abagendana ubumuga vyahora bifashwa cane n’abihebeye Imana, akaba yarahimbawe no kubona n’abandi Barundi bashobora gufasha reta mu kwitaho abagendana ubumuga. Niko guca avugako azosubira muri ico kigo agiye gushirako ibuye ry’umushinge w’ibitaro bizokubakwa muri ico kibanza, acavuga ko iyo abantu bagiye hamwe vyose ngo birashoboka.

#Tworangiza tubamenyeshako Fondation Uwiragiye yahimbarijwemwo uwo musi mu kuru yatanguye kw’itarike 04 z’ukwezi kwa ndamukiza 2018 ikaba yakwije imyaka itanu kw’itarike 04 kwa ndamukiza 2023 y’itaho ineza y’abana bagendana ubumuga bwo kutaboba. Umukenyezi Sylvie Uwiragiye akaba ari we yayitanguje bivuye kumpuhwe n’ikigongwe yagiriye mwenuwo muce wugo rwaruka

2 thoughts on “  “ TUJE HAMWE TWESE DUHINDURE ISI YACU KUGIRA IDUFASHE GUSHIKIRA ITERAMBERE RIRAMA,ABAGENDANA UBUMUGA BADASIGAYE INYUMA””

  1. Habumugisha Pamphile dit :

    Nivyiza cane lmana ikomeze guhezagira abafasha abobana, nokubongera ubumenyi.Naje ndabakunda cane kuko naranize ingene abana benabo bitabwaho,nukungene bigishwa ivyerekeye ubumenyi umwe wese kurugero rwiwe.Iman ibakomeze

Répondre à Habumugisha Pamphile Annuler la réponse.

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *