IHIMBAZWA RY’UMUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGENDANA UBUMUGA UMWAKA WA 2025

Umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, n’umusi uha akaryo umuce w’abagendana ubumuga kumenyana, bakiyumva nabo kwarabantu nk’abandi, bakaronka akaryo keza, ko kuya ibikorwa bitandukanye vyobatezimbere, kakababera n’akandi karyo keza kukumva amajambo atandukanye bashikirizwa n’indongozi mu Gihugu abaremesha, akanabatumirira kutikumira mu bandi n’ibindi vyinshi bitandukanye.
Uwo musi ukaba wama uhimbazwa n’amakungu, kw’igenekerezo rya 3 kigarama ukumwaka utashe, bivanye n’uko igihugu iki canke kiriya kiba c’itunganije, birashobokako uhimbazwa kw’iryo genekerezo, canke bagashobora kuwungururiza kurindi genekerezo, rishoboka bivanye, n’ibikorwa Igihugu kiba gifise.
Hano mu Gihugu cacu c’Uburundi, uno mwaka wa 2025 uwo musi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, ukaba wahimbajwe kurwego rw’Igihugu kw’Igenekerezo, rya 23 kigarama mu kigo co mu kamuri kiri muri karitiye ya jabe, ibirori vy’uwo musi bikaba vyari vyatewe iteka, n’Umushikiranganji w’abakozi n’akazi muvy’ajejwe hakaba harimwo n’igisata c’itaho abagendana ubumuga.

Gabriel NIZIGAMA Umushikiranganji w’abakozi n’akazi harimwo no kwitaho abagendana ubumuga, imbere yuko ashika ahari hategekenijwe guhimbariza uwo musi mukuru, yabanje kugendera ibigo bibiri arivyo : Fondation Uwiragiye mu kabezi isanzwe ifasha abana bagendana ubumuga bwo kutabona, n’ikigo c’itiriwe kizito mweranda gisanzwe naco, gikwirikirana abana bagendana ubumuga bw’ingingo.
Mu kigo Fondation Uwiragiye nyakubwa umushikiranganji w’abakozi n’akazi, muvyajejwe harimwo abagendana ubumuga, akaba yahashitse nk’igihe c’isaha zine n’inusu z’agatondo, yakirwa n’Umukenyezi Sylvie Uwiragiye, arinawe yatanguje ico kigo akaba kandi arinawe, agiserukira imbere y’amategeko, arikumwe n’abayoboye ibisata bitandukanye, kumwe n’urwaruka rugendana ubumuga bwo kutabona ruharerewe, n’abandi banyeshure bagenzi babo atabwo bumuga bagendana akanyamuneza akabariko kabagaragaramwo.
Mw’ijambo ryiwe umushikiranganji, akaba yarashimiye cane abiyumviriye kwitaho urwaruka nkugo rugendana ubumuga bwo kutabona, abashimira kuburyo bakoresheje mu kubaka inyubakwa nziza zibereye ijisho kuneza yuwo muce, acabatera intege kubikorwa barangura, akaba yari yaje y’ibangikanije n’agakemanyi kari kagizwe n’ibifungurwa. Kugiti ciwe naho umushikiranganji Gabriel Nizigama akaba yaciye abemerera ishure y’inka nini bazofungura bavuye mu buruhuko mu ntumbero yo kubipfuriza umwaka mushasha wa 2026.
Umukenyezi Sylvie Uwiragiye arongoye ikigo Fondation Uwiragiye, akaba yarakengurutse kumutima n’urukundo reta y’uburundi yama yabaretse mu kubagendera, atinikimenyetso ntanyegezwa kibereka kw’ivyo bakora bibashimisha, gutyo acanagirako asaba umushikiranganji, kubavugira kubajejwe kubitungaya kugirango reta y’Uburundi, ishobore kumusahiriza mu gahembo kabigisha basanzwe bigisha kw’ishure, ryatangujwe n’ico kigo, ishure risanzwe arinaryo ryigako ugo rwaruka rugendana ubumuga bwo kutabona.

Fondation Uwiragiye ibicishije mw’ishure penn blind school, ikaba ishigikira abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona barenga 95 abenshi muribo bakaba basanzwe bava mu miryango isanzwe ifise amikoro make ni mugihe abanyeshure bose barerewe murico kigo harimwo n’abatagendana ubumuga barenga 290.