INYIGISHO ZIDASANZWE KUBAGENDANA UBUMUGA BWO KUTABONA
Ku magenekerezo ya 18 na 19 ntwarante 2025, mu ntara za Kayanza, Ngozi, Kirundo, Muyinga hamwe na Gitega, umukenyezi Uwiragye Sylvie aserukira Fondation Uwiragiye , yaratunganije ibikorwa bidasanzwe vyo kugendera umuce w’abagendana ubumuga bwo kutabona mu ntumbero yo kubaronsa inyigisho, zobaganisha kw’iterambere nk’abandi bagatangura kw’itegurira guhangana n’imbona kazoza, igihu cacu cashize imbere c’ifashe mu mwaka wa 2024 igihugu giteyimbere mu mwaka wa 2060. Kakaba kamubereye n’akaryo ko kubasabikaniriza agaseke yari yagiye abashiriye, fondation Uwiragiye mu bikorwa vyayo vya misi yose ikaba ari ikigo, kireze kikongera kikigisha abana bagendana ubumuga bwo kutabona kuva mu mwaka wa 2018.
Ivyo bikorwa nkuko umukenyezi Sylvie Uwiragiye abisigura, ngo yabikoze mu ntumbero yo guhimbaza ukwezi kwahariwe umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, na cane cane ko haheze imyaka irenga itandatu fondation Uwiragiye itanguye gukora ibikorwa nk’ivyo vyo kwitaho ineza y’abana bagendana ubumuga bwo kutabona, akaba yashatse gushika kwabo bagendana ubumuga bwo kutabona bakuze bo mw’izo ntara, kuko ngwiyo aravye abana areze bagendana ubwo bumuga, bimutera kwiyumvirako hari n’abakuze bafise ubumuga nkubwo, hamabavu y’inyigisho akaba yagiye yibangikanije agakemanyi kagizwe n’ibitenge, umuceri, ifu y’ibigori n’ibitumbura kubakenyezi bafise abana bato.
Abagendana ubumuga bwo kutabona baronkejwe inyigisho hamwe n’agakemanyi, baragakengurutse cane baca baboneraho n’akaryo ko gusaba umukenyezi sylvie Uwiragiye yatanguje fondation Uwiragiye ko yobandanya abashigikira, banamutura ikibazo cuko boronka ya nkoni yera bakoresha iyo bariko bariyunguruza baca mu mabarabara atandukanye, hamwe nuko ngo yobavugira imbere bagashobora guserukirwa nabo mu Gihugu.
Umukenyezi Sylvie Uwiragiye arongoye fondation Uwiragiye mu nyigisho yagiye araha abo bagendana ubumug, ahanini zari zishimikiye ku kwitezimbere no kurondoka ku rugero ngo kuko umuntu agendana ubumuga bwo kutabona, arashobora gukora ibikorwa nkivy’umuntu atabwobumuga agendana akora, yongeye abatera akamo agirati : « Si vyiza ko umuntu agendana ubumuga bwo kutabona bamusegesha mu mabarabara ».
Kubijanye no kurondoka ku rugero umukenyezi Uwiragiye Sylvie yarashimangiye ababwirako kuvyara abana benshi kandi utabona bidaheza ngo biborohere kubarera, haba kubabeshaho ndetse no kubigisha. Ngo nkuko yiyemeje guserukira abagendana ubumuga bwo kutabona ngwarategekanya kuzobandanya aha inyigisho zikwiye uwo muce. Akaba yagiriyeko asaba Leta ko nka kurya usanga iyindi mirwi iserukiwa, ngo n’abagendana ubumuga bwo kutabona boserukirwa bimwe biboneka aha akaba yanasavye Leta ko abana bagendana ubumuga bwo kutabona yobigisha batarihishijwe amafaranga, bakanaronswa ibikoresho mfashanyigisho nkuko mbere vyanashikirijwe n’umwe mu bavyeyi bagendana ubwo bumuga, ngo iyo umwana abuze ikaye canke ikindi gikoresho ndetse n’amahera, aca yirukanwa .
Ku mbonakazoza y’igihugu c’ifashe mu mwaka wa 2024, igihugu giteyimbere 2026, Sylvie Uwiragiye yamenyeshejeko abana barezwe kandi bigishwa n’ikigo Fondation Uwiragiye, ngw’abipfuriza kuzoshika ico gihe bameze neza, barize bararangije amashure ya kaminuza mbere bafise n’ivyo bakora bitandukanye bishobora kubatezimbere, bigatezimbere imiryango yabo mbere n’Igihugu.
