NYUMA Y’URUGENDO ATARI RUTO YARAYE ASHITSE KUNDOTO YIWE
Emmanuel SINDAYIGAYA n’umusore ahumuye agendana ubumuga bwo kutabona, avuka mu ntara ya Kayanza komine Muruta, umusozi karunyinya agacimbiri kiganga, yibarutswe na Daniel Baranyizigiye kumwe na Thérèse Nahimana, akaba arumwana agira kabiri mu bana umunani, abahungu 6 hamwe n’abakobwa 2.
Emmanuel SINDAYIGAYA yavutse atakibazo c’ubumuga bwo kutabona afise kuko yaratanguye amashure y’intango kw’ishure Remera kuva mu mwaka wa mbere kugeza mu mwaka wa gatandatu, ageze ngaho yahavuye aheba amashure kubera amikoro make yo mu muryango wiwe, aho yarakimeze neza ntabumuga bwo kutabona yarafise. Kubera yari yamaze guheba amashure yaciye afata umugambi wo gutangura kurondera ubuzima, atangura gucuruza mbere acararonka na muyomba wiwe amwigisha umwuga wo kubarira, arabikora igihe kitari gito, arateba arakwiza imyaka 18 ari mw’ivyo bikorwa.
Munyuma yaho Emmanuel ubuzima ntibwahavuye bumworohera kuko yaciye afatwa n’ingwara itamenyekanye iyariyo, atangura kuja kumavuriro atandukanye kwivuza, mbere biranakomera cane gushikaho aja no muri koma, amaze kuja muri koma acavayo atakibona, ubumuga bwo kutabona buca buhera ngaho afise imyaka irenga 20 yamavuka. Emmanuel SINDAYIGAYA yahavuye yiyakira kubana n’ubwo bumuga naho ngo bitari vyoroshe kuriwe.
Mu gihe yariko yumviriza iradiyo nkuru y’igihugu yumvise, ikiganiro cariko gicako kigirishwa n’umumenyeshamakuru yitwa Jean paul Nicondindiriye ico kiganiro kikaba citwa SANGWE, abatumire akaba bari urwaruka rugendana ubumuga bwo kutabona bose biga kw’ishure RUMURI riri i Gitega bari basanzwe bazi kuvuza gitare, niko guca aja kurondera patiri mu kuru wa paroisse ya Ruganza amubarize amakuru y’ingene yoshobora kuja kwigayo, ntivyatevye patiri mu kuru wiyo paroisse yahavuye amugamburukira, aramubariza ariko acasanga ntibikundako bamwakira kubera yari yamaze kugira imyaka myinshi.
Ntivyahereyaho Emmanuel yahavuye yumva ahandi hantu hatangujwe ishure ry’abagendana ubumuga bwo kutabona muri komine ya matongo mu ntara ya kayanza i kijuru, uwitwa Daniel NTIRANYIBAGIRA nawe yagendana ubwo bumuga akabariwe yararitanguje, acagendayo hoho baca baramwakira. Amaze kwakirwa naho yari yarashoboye gushika mu mwaka wa gatandatu w’amashure y’intango, vyasaba acasubira gutangurira mu mwaka wa mbere kugirango ashobore kumenya inyandiko ikoreshwa n’umuce w’abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona, Emmanuel SINDAYIGAYA kumyaka 22 irenga akabariho yaciye atangura umwaka wa mbere kw’ishure Umwizero wa kazoza( espoir d’avenir) ryari i kijuru mu kayanza, yahavuye agiye gutangura amashure y’isumbuye i Gitega kw’ishure mugabekazi w’ubwitonzi(CND) naho acahava ananiwe mu mwaka w’icenda, acaraheza yungururiza kw’ishure Kanura riri i gihanga, aho akaba arinaho yashoboye kurangiriza amashure yiwe yisumbuye mu gisata c’indimu(langues).
Emmanel SINDYIGAYA ntiyigeze yiyumvirako yoshoboye kuronka ingene yoshoboye kwiga amashure ya kaminuza kuko atamanota akwiye yari yaronse mu kibazo ca reta, gitanga uburenganzira bwo kwiga Kaminuza y’Igihugu. Abifashijwemwo na Fondation Uwiragiye bivuye kuwayitanguje umukenyezi Uwiragiye Sylvie hamwe n’umushingantahe wiwe François Uwiragiye, yaraye aronse urupapuro rw’imyaka ibiri akuye kuri kaminuza y’umwizero wa afirika hari kw’igenekerezo rya 7 ruhuhuma 2025 mu ngagara, ahasanzwe hakorera iyo kaminuza, ubukengurutsi bwiwe abwerekeza kwabo bavyeyi babiri kuko ngo iyatababo indoto yiwe yo kwiga amashure ya kaminuza ngo yohavuye itari gukunda,
Emmanuel SINDAYIGAYA arangije ayo mashure afise imyaka 40 irenga kubera urugendo rwiwe rutabaye ruto kumvo z’ubumuga bwo kutabona yaciye ahura nabwo, Emmanuel akaba abaye umunyeshure agira 7 arangije kaminuza kubufasha bwa Fondation Uwiragiye
