• info@fondationuwiragiye.org
  • + 257 69 096 922/257 79 077 533

INGABIRE IDASANZWE Y’ISHIRAHAMWE  MEDIAS BOX

INGABIRE IDASANZWE Y’ISHIRAHAMWE  MEDIAS BOX

Ishirahamwe Médias Box n’ishirahamwe riri muyakorera hano mu gihugu c’Uburundi, rikaba ryemewe n’amategeko y’igihugu kuva mu mwaka 2015 riraheza rica ritangura ibikorwa kumugaragaro mu mwaka wa 2017, rikaba ryatangujwe n’umushingantahe Donnatien Ndayishimiye, mu bikorwa iryo shirahawme rikora harimwo ibijanye n’ubuhinga bwa none, n’ibindi vyinshi bifasha abenegihugu mu bisata bitandukanye vyo kwitezimbere.

Bikomotse kurivyo bikorwa nyene ishirahamwe Médias Box rirangura, riritaho cane ibikorwa vyo gufasha, kwaba na bariya bivanye nuko baba bari canke kubikorwa bakora, ni mwako karyo iryo shirahamwe ryaciye ry’iyumvira gushigikira, ikigo Fondation Uwiragiye mu kubaronsa i machine igezweho, ifasha gusohora ivyirwa mu nyandiko ikoreshwa n’abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona, biga kw’ishure Penn Blind ryatangujwe na Fondation Uwiragiye ngo ishobore kw’itaho indero kuwo muce wabo bana, muri kahise bafatwa nkabataco bashoboye.

Vyari bisanzwe bitoroshe kuronsa ivyirwa bikwiye abana bagendana ubumuga bwo kutabona biga kwiryo shure, kubera ukubura igikoresho nkico gishobora gusohora, ivyo vyirwa kuyumwanya akabarakanyamuneza kubanyeshure, k’ubuyobozi bw’ishure hamwe no mwico kigo, kwiyo ngabire yiyo machine isanzwe itarimenyerewe mwakino gihugu cacu mbere ifiswe nabake, nkuko twavyiganwiwe na Doriane Iteka akorera mw’ishirahamwe Médias Box akabasanzwe ajejwe ivyubutunzi,  yatubwiyeko iyo mashini kwifise agaciro kangana n’ibihumbi cumi na bitandatu vy’amafaranga mvamakungu(17 000 Euros).

Kw’igenekerezo rya 10 nzero 2025 akabariho ishirahamwe Médias Box ryaza gushikiriza iyo ngabire, riserukiwe na Roméo Badogomba umuyobozi w’ibikorwa mw’iryo shirahamwe, mw’ijambo ryiwe ahejeje gushikiriza umuhuzabikorwa wa Fondation Uwiragiye Dr Victor Barantota iyo ngabire, ati « hambavu y’ubucuti ishirahamwe naserukiye Médias Box rifitaniye na Fondation Uwiragiye, bivuye kumuyobozi mu kuru wayo, twashimye kubasahiriza mu kubaronsa ino mashine kugirango ishobore kuzofasha mw’ishure mu kuronsa abana ivyirwa vyihuse abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona, musanzwe mwitangira atikandi ntiduhejeje ikizoboneka cose tuzoguma tubafata mu mugongo »

Victor Barantota yakiriye iyo ngabire nawe ati «  turabashimiye kandi turabakengurukiye kuwu mutima mutweretse wo kwitwararika ibikorwa dukorera runo rwaruka, mukaba mushoboye kudushikira aho twari tababaye, kuko kenshi abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona badusaba ivyo biga bikatugora bivuye kukuba tutari bwaronke i machine nkiyo akaba yarangije abakengurukira cane.

Ishure Penn Blind ryatangujwe na Fondation Uwiragiye kuyumwanya, rikaba riharurwako abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona(non-voyants) hamwe n’ababona ivyijiji (malvoyants) bangana mirongo 99 hamwe n’abandi 131 atabumuga bagendana. 

One thought on “INGABIRE IDASANZWE Y’ISHIRAHAMWE  MEDIAS BOX”

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *