• info@fondationuwiragiye.org
  • + 257 69 096 922/257 79 077 533

INTAMBWE UMUGAMBI W’INDERO IDAKUMIRA ISHITSWEKO KW’ISHURE PENN BLIND SCHOOL IRASHIMISHIJE

INTAMBWE UMUGAMBI W’INDERO IDAKUMIRA ISHITSWEKO KW’ISHURE PENN BLIND SCHOOL IRASHIMISHIJE

Nkuko amenyereye abikora kumisi ya gatanu iyo vyamukundiye, umukenyezi Uwiragiye Sylvie aserukira imbere y’amategeko Fondation Uwiragiye akaba arinawe yayitanguje ngo yiteho indero y’abana bagendana ubumuga bwo kutabona, k’umusi wa gatanu w’igenekerezo rya 03 munyonyo 2023, yararamutse yongera gufata akanya ko gusangirira hamwe n’ivyo bibondo bigendana ubumuga bwo kutabona, akaba yaboneyeho n’akaryo ku gutanga ikiganiro kubamenyeshamakuru c’irimbura ryaho, umugambi w’indero idakumira ugeze kw’ishure penn blind school ryatangujwe na Fondation Uwiragiye; Dusanzwe tuziko reta y’Uburundi ifise ihangiro ry’umugambi w’indero idakumira, aho atamwana agendana ubumuga yoreka kuja kw’ishure ngo yabuze aho yiga, hakaba haheze igihe kitari gito uwo mugambi, uriko urashirwa mu ngiro n’amashure atandukanye ya reta, ayabikorera utwabo hamwe n’amashure yegukira amashengero arinaho kenshi usanga ibigo bihurikiyemwo umuce w’abagendana ubumuga. Nkuko bishikirizwa na Maman   Fondation Uwiragiye, ngo barashima ukuntu uwo mugambi ukuntu uriko ugenda neza kw’ishure Penn Blind school, uyu mwaka ukaba ugira kabiri bugururiye imiryango urundi rwaruka rusanswe atabwo bumuga bwo kutabona bagendana, kuza kw’igana nabo basanzwe bafise ico kibazo co kutabona.

 Akabirya uno mwaka w’ishure watanguye wa 2023 ushira uwa 2024 haje abanyeshure gusaba kwiga mu buraro, kw’ishure penn blind school, ivyashimishije abandi banyeshure basanzwe bagendana ubwo bumuga biyumva, ko nabo arabantu nk’abandi. « Ndanezerwa cane kubona abana banje bagendana ubumuga bwo kutabona basigaye bamana akanyamuneza kubera bagenzi babo, bigana bakararana basanzwe atabumuga bwo kutababona bagendana, Sylvie Uwiragiye »

kwigisha abana basanzwe bagendana ubumuga bwo kutabona, ngo n’igikorwa kitoroshe, gisaba kwitanga  kandi kigatwara n’uburyo bwinshi, imyaka itanu ikaba irenga Fondation Uwiragiye ifashe mu minwe kw’itaho indero y’urwaruka rugendana ubumuga bwo kutabona, Umukenyezi Sylvie Uwiragiye aserukira  Fondation Uwiragiye, arashimira abantu batandukanye, badasiba kumutera intege, agatera akamo abavyeyi b’ibarutse abana bagendana ubumuga bwo kutabona, kutabanyegeza ngo babashire inyuma y’inzu ahubwo babashire mu mashure bige mbere bashike no muri za kaminuza.

Bumwe mu burorero atanga n’uwitwa Daniel Ntiranyibagira, arubatse agendana ubumuga bwo kutabona kuyumwanya, akaba ariko yiga igice ca kabiri c’amashure ya kaminuza bimwe bita (master) atera intege ugo rwaruka rugendana ubwo bumuga, kwama rufatira akarorero keza kuri bakuru babo, bamaze kurangiza amashure.