KWAKIRA KUMUGARAGARO ABANYESHURE BASHASHA BAJE KWIGA MURI FONDATION UWIRAGIYE
- Home
- / ECOFO Penn Blind School
- / KWAKIRA KUMUGARAGARO ABANYESHURE BASHASHA BAJE KWIGA MURI FONDATION UWIRAGIYE
KWAKIRA KUMUGARAGARO ABANYESHURE BASHASHA BAJE KWIGA MURI FONDATION UWIRAGIYE
- Ukumwaka utanguye w’ishure, muri Fondation Uwiragiye, hama haba umugenzo wo kwakira abanyeshure bashasha, baje kw’iga kw’ishure Penn Blind School, ryatangujwe na Fondation uwiragiye. Ku musi wa gatandatu w’igenekerezo rya 30 nyakanga 2023, niho uwurongoye ikigo Fondation Uwiragiye, Umukenyezi Uwiragiye Sylvie, yashima ko yo kora umugenzo wo kwakira abandi bana bashasha, basanzwe bagendana ubumuga bwo kutabona, kumwe n’abandi bashimye kuza kw’igana nabo, ariko bobo atabwo bumuga bagendana, kuva igihe c’isaha y’icenda z’umuhingamo ivyo birori vyari bitanguye, atangura aganiriza abana, Uwurongoye ikigo Fondation Uwiragiye, akaba arinawe yagitanguje, abaramutsa anezerewe cane, y’ishimiye uko bari baberewe nanarirya aherutse kubahindurira umwambaro mushasha w’ishure, ugiye kuzokwama ubaranga. Yabwiye ugo rwaruka ko yarabakumbuye, kandi ngo kwahabari hose kwaguma abiyumvira. « Kuva umwaka w’ishure utanguye sinari bwaze kubaraba uko mumeze, ati naje twindondorane mumenye nanje ndabamenye ». Mw’ijambo nyamukuru ry’uwo musi yabashikirije, ahanini akaba yaraje kwakira bashasha no kubamenya, yongera abatangurira n’umwaka ku mugaragara nkuko vyama vyabaye, no kuyindi myaka irangiye. Ikimenyetso co kwicisha bugufi, mu gusangirira hamwe n’ugo rwaruka kikaba arico cagaragaye kuruwo musi.
- Umuyobozi Mushasha w’ishure penn blind school,Coyitungiye Audace akaba arinawe Munyamabanga nshingwabikorwa muri Fondation Uwiragiye, amenyesha ko kwigisha abana bafise ubumuga bwokutabona, ko bisaba inguvu nyishi kubarezi babo, ibikoresho navyo basanzwe bakoresha ngo bitwara uburyo bwinshi. Naho biruko arishimira kumugambi baraye bashitseko kw’iryo shure wo kw’igisha n’abandi banyeshure, atabumuga bwo kutabona bagendana ngo kuko bituma abo banyeshure batabona baca biyumva, mbere ngo bigahesha n’ishusho ryiza ishure mu bushikiranganji bubijejwe, na narirya harumugambi mwiza wa Reta w’indero idakumira, arangiza atera akamo abantu batandukanye, bafise amikoro kuza barashigikira ibigo mwenivyo, vy’itaho ineza y’umuce w’abantu batishoboye.
- Nyuma y’ugufungurira hamwe nugo rwaruka, haba k’uwurongoye ikigo fondation uwiragiye hamwe n’umuyobozi w’ishure penn Blind school, haba kubigisha hamwe n’abandi bajejwe ibikorwa bitandukanye, hahavuye hakirwa abanyeshure bashasha, baratanga umwindondoro wabo, iyo bahora biga, gutyo Maman Fondation Uwiragiye acarabasengera yongera abatekerera ijambo ryo kuzogiriranira umutima w’uwurukundo, hagati y’abana basanze muri fondation basanzwe bagendana ubumuga bwo kutabona.
- Uwo musi ibirori bikaba vyabandanije bigenda neza, kuko igihe c’isaha cumi na zibiri z’umuhingamo, haciye hatangurwa igiteramo c’amasengesho y’ijoro ryose,co gusabira ibikorwa muri rusangi, birangurirwa muri fondation uwiragiye, hamwe n’ugushira mu maboko y’Imana umwaka w’ishure watanguye, mu ntumbero yuko wogenda neza.
- Murayo ma sengesho hakaba harigaragaje intahe nyishi, zivuga kw’ikumirwa bamwe mu bana bagendana ubumuga baba muri Fondation, bagirirwa, n’ikibano bakiri mu mihana iwabo, amasengesho akaba yagiye kurangira igihe c’isaha cumi n’imwe zagatondo, arangira mu kanyamuneza kadasanzwe.
- Fondation uwiragiye ikaba yatanguye, mu mwaka wa 2018 ukwezi kwa ndamukiza , yatanguranye n’abana bagendana ubumuga bwo kutabona , bagera kuri 13, ikaba yatangujwe n’umukenyezi Sylvie Uwiragiye arinawe ayiserukira imbero y’amategeko,bivuye k’umutima w’impuhwe yagiriye umuce w’abana bagendana ubumuga bwo kutabona.
- Kuyu mwanya Fondation Uwiragiye, mu myaka itanu irenga ikora ivyo bikorwa, ikaba igereye kubana bangana n’ijana na mirongo itandatu na batatu(163) muribo abagera kuri mirongo icenda na batandatu(96) bagedana ubumuga bwo kutabona, ijana na mirongo ibiri na batandatu akaba aribo biga barara mu buraro, nayo mirongo itatu n’indwi(37) bakiga bataha.