• info@fondationuwiragiye.org
  • + 257 69 096 922/257 79 077 533

AFISE IMPANO YO GUTWENZA ABANTU ABICISHIJE MU KUVUGA AMAKURU MU KIWANI

<strong><u>AFISE IMPANO YO GUTWENZA ABANTU ABICISHIJE MU KUVUGA AMAKURU MU KIWANI</u></strong>

Francine Niyonkuru avuka mu ntara ya Gitega, i komine ya Bugendana n’umwe mu bigeme  basanzwe bagendana ubumuga bwo kutabona, Francine kuva agifise imyaka itatu ntiyongeye kubona ikintu na kimwe, inkomoko yo kugira ico kibazo co kutabona ngo yoba yarwaye ya mitsi yinjira mu bwonko, hanyuma abavyeyi biwe ntibabimenya, Francine acagira ubumuga bwo kutabona biturutse kw’iyo mvo. Naho vyagenze uko Francine Niyonkuru, arashimira abavyeyi biwe mu kuba batamuretse ngwace aguma mu kigo ngo nuko atabona, ahubwo bihutiye kubaza aho yoshobora kuronka ishure ryo mworohereza rifatiye kubumuga afise, bwo kutabona ariryo centre Rumuri riri i gitega ku mushasha, aho akaba yahatanguriye umwaka wa mbere w’amashure y’intango gushika mu mwaka wa gatandatu. Hano mu Burundi mu myaka ya hera, ntabanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona bakora ikibazo ca reta kumvo zuko hatari hamenyerewe inyandiko ya braille basanzwe bifashisha. Urunani UPHB (Union des Personnes handicapées du Burundi) rukaba rwarashoboye gukora ibishoboka rurakora ubuvugizi ahatandukanye na cane cane kuvugana n’abajejwe ivyindero mu Burundi baraheza bafata ingingo yuko n’abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona ko nabo bokora ikibazo nk’abandi. Francine yaciye aba mu murwi wa kabiri ukoze ikibazo ca reta co mu mwaka wa gatandatu acaraheza aragitora niko guca aja kwiga kw’ishure CND riri i gitega. Ahamariye kurangiza amashure y’isumbuye kw’ishure CND mu gisata c’imibano Francine yaciye arondera abomufasha kwiga amashure ya Kaminuza, ntivyatevye yahavuye aronka umukenyezi Sylvie Uwiragiye, arongoye Fondation Uwiragiye bivuye kubandi banyeshure batatu bari baje gufashwa nawe barimbere ya Francine kw’ishure CND aribo : Donatien Niyonzima, Régis Bigirindavyi hamwe na Spès Nininahazwe, murabo babiri baramaze kurangiza kaminuza, Régis nawe yahavuye acayungururiza kuri Kaminuza  y’igihugu c’uburundi. Kw’igenekerezo rya 3 ruhuhuma 2023 Francine Niyonkuru niho yaja gutora urupapuro gumutsindo, rw’imyaka ibiri yaramaze y’iga mu gisata co kw’itunganiriza imigambi hamwe n’iterambere. Kubwa Francine Niyonkuru arashima cane iyo ntambwe yaraye ateye, agakengurukira bimwe vy’imvamutima umukenyezi Sylvie Uwiragiye aramutswa Fondation Uwiragiye, kubikorwa vyiza yamukoreye akamusomesha kaminuza, « akihanganira ngo ingwara nyishi afise akamwambika, akamugaburira ubu ngwakaba yaraye ahejeje kaminuza Imana yonyene ngw’ikaba ariyo izobona icabereye » Naho Francine Niyonkuru yaraye arangije imyaka ibiri kuri Kaminuza y’umwizero wa Afirika, muriwe arafise ishaka ryo kubandanya kwiga, igisata y’ipfuza guca yiga n’igisata comuha ubumenyi bwo gukora umwuga w’itangazamakuru, kuko asanzwe akunda cane uwo mwuga wo kuvuga amakuru. Abenshi baramuzi iyo ariko avuga amakuru mu kiwani kumanza zitandukanye, ivyo akaba yabitanguye kuva akiri mu ma shure y’intango kuri centre rumuri kumushahsa  igitega, agikora ikibazo ca leta iryambere kimuha uburenganzira bwo kwiga kaminuza, ntiyaronse amanota meza kuko ntiyashoboye gushikana ayasabwa, ariko ivyo vyamuteye kuguma yiga kugirango azoje gusubiramwo ikibazo. Aho hose yashaka kuronka uburenganzira bwomutuma aronka amanota meza kugirango ace yiga igisata ca c’umwuga w’itangazamakuru kuri kaminuza, indoto ziwe zahavuye zitangura kuranguka kuko amaze gusubiramwo ikibazo yahavuye aca agitora aronka amanota 56 arenga ibice kw’ijana. Francine Niyonkuru ubu asaba uwomwumva wese kumufashisha uburyo, bwomutuma atangura kwiga kaminuza muri ca gisata c’itumatumanako ry’amakuru. Amaze imyaka itatu yitabwaho na Fondation Uwiragiye, haba kumufungurira, kumusomesha hamwe no kumuvuza nanarirya asanzwe agendana ingwara zitandukanye, vyose akaba abikesha umukenyezi UWIRAGIYE Sylvie arongoye Fondation Uwiragiye, akaba arinawe yayitanguje kubera impuhwe n’ikigongwe afitiye abana bagendana ubumuga bwo kutabona. Francine Niyonkuru akaba abaye umunyeshure agira kane afashijwe na Fondation  Uwiragiye mu kwiga Kaminuza.

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *