IMYITEGURO YO GUTANGURA UMWAKA MUSHASHA W’ISHURE WA 2022-2023
Ishure penn blind school, n’ishure ry’igamwo abana bagendana ubumuga bwo kutabona, hamwe n’ukutabona neza. Iryo shure ryatangujwe n’ikigo Fondation Uwiragiye, mu ntumbero yo kwereka mwenabo bana ko nabo bashobora kwiga bagaheza amashure nk’abandi bana; Kuva iryo shure rigitangura ahanini ry’igako abana basanzwe bagendana ubwo bumuga bwo kutabona, bavuka mu mihana itishoboye,bakava mu ntara nka zose zigize igihugu.
Ishure Penn Blind school, n’ishure ry’igenga rizwi n’amategeko y’igihugu, rigakorera kandi kundinganizo y’ivyirwa bitanzwe n’ubushikiranganji bubijejwe, ariko kuberako abana bahiga baba batabona, baca bakoresha yanyandiko bita braille.
Namugihe ishure Penn Blind school riherutse kuronswa uruhusha n’ubushikiranganji rwo gutanguza ishure ry’inyuma y’ishure shingiro (post fondamentale), haba mu bayobozi biryo shure, haba mu bigisha, haba no mu banyeshure ekambere haba no mu bavyeyi batanguje iyo fondation, bafise umunezero udasanzwe. Muruyu mwaka w’ishure rero wa 2022 ushira uwa 2023 igisata c’imibano n’ubushakashatsi kikaba kizotangura kw’iryo shure.
Uwujejwe urwego nshingwantwaro, muri fondation Uwiragiye, umurwizatunga UWIRAGIYE François abenshi bazi kw’izina rya Mayondori, arikumwe n’umukenyezi wiwe asanzwe arinawe yatanguje Fondation Uwiragiye, akabarinawe ayiserukira imbere y’amategeko, kumusi wa kabiri igenekerezo rya 23 myandagaro 2022, baramutse baza kugirisha inama bamwe mu bakozi ba Fondation basanzwe barongoye ibisata bitandukanye, mu ntumbero yukurabirahamwe aho bagejeje integuro y’ukuzakira abanyeshure bahahora hamwe n’abashasha.
Muvyo uwuyoboye, urwego nshingwantwaro muri Fondation Uwiragiye yabashikirije ninkimodokari zibiri y’abatumiye hanze, imwe ikazoza irunguruza abana, iyindi ikazunguruza abigisha, ikibazo c’amazi naco gisanzwe kiri muri fondation, mu ntumbero yo kwitegurira umwaka w’ishure ugiye gutangura, na cone akaba yababwiye ko hazogera cavuye munzira. « amashirahamwe menshi arakora ibikorwa nk’ibi ariko ugasanga baronka imfashanyo, ho kuyiha abo igenewe, ugacusanga nibo bariko bariteza imbere, twebwe mu muryango wacu twemeye gufasha bano bana bagendana ubumuga bwo kutabona, atanyungu n’imwe tubishakamwo » bikaba vyavuzwe n’umugwizatunga Mayondori, arongoye urwego nshingwantwaro muri Fondation Uwiragiye.
Uwuserukira fondation uwiragiye imbere y’amategeko umukenyezi Sylvie Uwiragiye akaba nawe yatanguje ikigo cabo bana, yarashimiye cane Umushingantahe wiwe, asanzwe arinawe amufata mu mugongo, kugirango ibikorwa vya fondation bishobore kuranguka neza, abicishije mw’ishirahamwe Musumba steel risanzwe rifise uruganda ruhingura, ibikoresho vyo kubaka amazu n’ukuyasakara. Tworangiza tubamenyesha yuko Fondation Uwiragiye, yatangujwe n’Umukenyezi w’umurwizatunga abenshi bazi kw’izina rya Mayondori ariko amazina yiwe akabari Uwiragiye François, hari mu mwaka wa 2018 mu kwezi kwa ndamukiza itarike zine, fondation uwiragiye igitangura yitwa Fondation Penn izina ry’umwana wabo w’umuhererezi, munyuma niko guca babisaba iciraheza yitirirwa izina ry’umutwe w’umuryango ariryo Uwiragiye.