Nkuko no kuyandi mashure vyagenze, umwaka w’ishure wa 2023-2024 kw’ishure Penn Blind School, kw’igenekerezo rya 18 ukwezi kwa myandagaro 2023 School rero, ibikorwa waratanguye, ucurangira kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kigarama 2023 nkuko, vyari bisanzwe bitegekanijwe n’ubushikiranganji bubijejwe. Kw’Ishure Penn Blind vy’igice ca mbere vyatanguye neza naho rimwe na rimwe, hatabura utu canke turiya dushobora kubura. Akarorero twoshobora kuvuga, ibikoresho mfashanyigisho bidakwiye na cane cane, ibikoresho bitegekenirijwe abanyeshure bansanzwe bagendana ubumuga bwo kutabona, ( Ibitabo biri mu nyandiko ya braille hamwe n’ibindi bikoresho mfashanyigisho….), aha ntitwokwibagira ingwara zitandukanye zafashe abana mu gice ca mbere twaraye turangije……. ;
Ishure Penn Blind School riri muri Fondation Uwiragiye uyu mwaka w’ishure wa 2023-2024 ugitangura mu gice cambere, ryatanguranye abanyeshure barenga 150 ariko igice ca mbere kikaba cagiye kurangira rifise abanyeshure 144, abakobwa 66 hamwe n’abahungu 78 ; murabo banyeshure ijana na mirongo ine na bane,(144) abanyeshure mirongo icenda na batandatu (96) nibo bagendana ubumuga bwo kutabona, abanyeshure mirongo ine n’umunani(48) nabo basanzwe atabumuga bagendana, nkuko tubishikirizwa n’Umuyobozi w’Ishure Penn Blind School Audace COYITUNGIYE.
Ishure Penn Blind School kuva ritangujwe na Fondation Uwiragiye ririko riritunganya neza, aha tukaba twovuga Umugambi riherutse gushikako wo kugururira imiryango abandi, banyeshure basanzwe batagendana ubumuga haba mw’ishure mbere no mu buraro bw’iryo shure, kuko abanyeshure bangana ijana na mirongo ibiri n’umunani(128) biga baba mu buraro bwa Fondation Uwiragiye, abangana cumi na batandatu(16) nabo biga bataha.
Kw’ishure shingiro Penn Blind School, kino gice ca mbere carangiye kw’igenekerezo rya 22 kigarama 2023, umwimbu ukaba wagenze neza kurwaruka ruhiga aho bamenye kurugero rungana n’ibice mirongo itandatu na gatatu n’ibice mirongo icenda n’indwi kw’ijana, (63.97) aho ni mugihe kw’ishure ry’inyuma y’ishure shingiro Penn Blind School(Post Fondamentale) abanyeshure bamenye kumanota angana mirongo itanu na gatatu n’ibice mirongo ibiri na bine kw’ijana (53.24). Icatangaje abavyeyi n’abigisha ngaho kw’ishure ry’inyuma y’ishure shingiro (Post Fondamentale), umunyeshure umwe agendana ubumuga akaba yabaye uwambere mu mwaka wa kabiri w’inyuma y’ishure shingiro mu gisata c’imibano.babiri nabo bagendana ubumuga bwo kutabona bakaba barashoboye kuba abambere mu mwaka w’umunani hamwe n’umwaka w’indwi. Bakaba barushije bagenzi babo bigana basanzwe atabumuga bagendana : MANIRAKIZA Mireille yiga Mumwaka wa kabiri w’inyuma y’ishure shingiro mu gisata c’imibano agendana ubumuga bwo kutabona, akaba yaronse amanota mirongo itandatu n’abiri n’ibice umunani kw’ijana(62.8) yabaye uwambere mu banyeshure umunani ; NISHIMWE Berthin agendana ubumuga bwo kutabona yiga mu mwaka w’umunani yabaye uwambere, mubana cumi n’icenda, akaba yaronse amanota mirongo icenda n’abiri n’ibice mirongo umunani n’umunani kw’ijana ; IRAKOZE Audrey yiga mu mwaka w’indwi akaba yabaye uwambere, mu bana mirongo ibiri n’umwe(21) yaronse amanota mirongo irindwi n’icenda n’ibice umunani kw’ijana (79.8).
Kw’ishure Penn Blind School, mu ntumbero yuko n’abandi banyeshure botera imbere mu mwimbu w’amanota mu gice ca kabiri, ubuyobozi bw’ishure bukaba bwaciye bwihutira gufata ingingo mperekeza, kugirango ivyategekanijwe mu mwaka wose bizoshobore kurangira, nk’abanyeshure biga mu mwaka w’icenda babandanije biga mu kiruhuko, bakazoca babandanya batonda kw’iga n’inyuma y’umutaga, ekambere abanyeshure bo mu mwaka w’icenda akaba atanuburuhuko bashoboye kugira mu ntumbero yo kw’itegurira neza ca kibazo ca leta kibaha amahirwe yo kwinjira mu mashure y’inyuma y’ishure shingiro. Imyaka ibiri ikaba irangiye abanyeshure bo kw’ishure penn blind school, bahiganwa mwico kibazo ca leta (conours national) bakaronka ikibanza ciza naho basanzwe bagendana ubumuga bwo kutabona.
Ishure Penn Blind School rikaba ryatangujwe na Fondation Uwiragiye, kuva mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’icenda, kuyumwanya abana bangana ijana na mirongo ine na bane akaba aribo baharurwa kw’iryo shure Penn Blind School.