{"id":5723,"date":"2022-08-24T14:59:26","date_gmt":"2022-08-24T12:59:26","guid":{"rendered":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/?p=5723"},"modified":"2022-08-24T15:00:18","modified_gmt":"2022-08-24T13:00:18","slug":"imyiteguro-yo-gutangura-umwaka-mushasha-wishure-wa-2022-2023","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/?p=5723","title":{"rendered":"IMYITEGURO YO GUTANGURA UMWAKA MUSHASHA W\u2019ISHURE WA 2022-2023"},"content":{"rendered":"\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Ishure penn blind school, n\u2019ishure ry\u2019igamwo abana bagendana ubumuga bwo kutabona, hamwe n\u2019ukutabona neza. Iryo shure ryatangujwe n\u2019ikigo Fondation Uwiragiye, mu ntumbero yo kwereka mwenabo bana ko nabo bashobora kwiga bagaheza amashure nk\u2019abandi bana; Kuva iryo shure rigitangura ahanini ry\u2019igako abana basanzwe bagendana ubwo bumuga bwo kutabona, bavuka mu mihana itishoboye,bakava mu ntara nka zose zigize igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">&nbsp;Ishure Penn Blind school, n\u2019ishure ry\u2019igenga rizwi n\u2019amategeko y\u2019igihugu, rigakorera kandi kundinganizo y\u2019ivyirwa bitanzwe n\u2019ubushikiranganji bubijejwe, ariko kuberako abana bahiga baba batabona, baca bakoresha &nbsp;yanyandiko bita braille.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Namugihe ishure Penn Blind school riherutse kuronswa uruhusha n\u2019ubushikiranganji rwo gutanguza ishure ry\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro (post fondamentale), haba mu bayobozi biryo shure, haba mu bigisha, haba no mu banyeshure ekambere haba no mu bavyeyi batanguje iyo fondation, bafise umunezero udasanzwe. Muruyu mwaka w\u2019ishure rero wa 2022 ushira uwa 2023 igisata c\u2019imibano n\u2019ubushakashatsi kikaba kizotangura kw\u2019iryo shure.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Uwujejwe urwego nshingwantwaro, muri fondation Uwiragiye, umurwizatunga UWIRAGIYE Fran\u00e7ois abenshi bazi kw\u2019izina rya Mayondori, arikumwe n\u2019umukenyezi wiwe asanzwe arinawe yatanguje Fondation Uwiragiye, akabarinawe ayiserukira imbere y\u2019amategeko, kumusi wa kabiri igenekerezo rya 23 myandagaro 2022, baramutse baza kugirisha inama bamwe mu bakozi ba Fondation basanzwe barongoye ibisata bitandukanye, mu ntumbero yukurabirahamwe aho bagejeje integuro y\u2019ukuzakira abanyeshure bahahora hamwe n\u2019abashasha.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Muvyo uwuyoboye, urwego nshingwantwaro muri Fondation Uwiragiye yabashikirije ninkimodokari zibiri y\u2019abatumiye hanze, imwe ikazoza irunguruza abana, iyindi ikazunguruza abigisha, ikibazo c\u2019amazi naco gisanzwe kiri muri fondation, mu ntumbero yo kwitegurira umwaka w\u2019ishure ugiye gutangura, na cone akaba yababwiye ko hazogera cavuye munzira. \u00ab&nbsp;amashirahamwe menshi arakora ibikorwa nk\u2019ibi ariko ugasanga baronka imfashanyo, ho kuyiha abo igenewe, ugacusanga nibo bariko bariteza imbere, twebwe mu muryango wacu twemeye gufasha bano bana bagendana ubumuga bwo kutabona, atanyungu n\u2019imwe tubishakamwo&nbsp;\u00bb bikaba vyavuzwe n\u2019umugwizatunga Mayondori, arongoye urwego nshingwantwaro muri Fondation Uwiragiye.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">&nbsp;Uwuserukira fondation uwiragiye imbere y\u2019amategeko umukenyezi Sylvie Uwiragiye akaba nawe yatanguje ikigo cabo bana, yarashimiye cane Umushingantahe wiwe, asanzwe arinawe amufata mu mugongo, kugirango ibikorwa vya fondation bishobore kuranguka neza, abicishije mw\u2019ishirahamwe Musumba steel risanzwe rifise uruganda ruhingura, ibikoresho vyo kubaka amazu n\u2019ukuyasakara. Tworangiza tubamenyesha yuko Fondation Uwiragiye, yatangujwe n\u2019Umukenyezi w\u2019umurwizatunga abenshi bazi kw\u2019izina rya Mayondori ariko amazina yiwe akabari Uwiragiye Fran\u00e7ois, hari mu mwaka wa 2018 mu kwezi kwa ndamukiza itarike zine, fondation uwiragiye igitangura yitwa Fondation Penn izina ry\u2019umwana wabo w\u2019umuhererezi, munyuma &nbsp;niko guca babisaba iciraheza yitirirwa izina ry\u2019umutwe w\u2019umuryango ariryo Uwiragiye.<\/p>\n\r\n<script><\/script>","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ishure penn blind school, n\u2019ishure ry\u2019igamwo abana bagendana ubumuga bwo kutabona, hamwe n\u2019ukutabona neza. Iryo shure ryatangujwe n\u2019ikigo Fondation Uwiragiye, mu ntumbero yo kwereka mwenabo bana ko nabo bashobora kwiga bagaheza amashure nk\u2019abandi bana; Kuva iryo shure rigitangura ahanini ry\u2019igako abana basanzwe bagendana ubwo bumuga bwo kutabona, bavuka mu mihana itishoboye,bakava mu ntara nka zose [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":2,"featured_media":5724,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[49],"tags":[],"class_list":["post-5723","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ecofo-penn-blind-school"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/5723","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/users\/2"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fcomments&post=5723"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/5723\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":5725,"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/posts\/5723\/revisions\/5725"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=\/wp\/v2\/media\/5724"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fmedia&parent=5723"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Fcategories&post=5723"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/fondationuwiragiye.org\/index.php?rest_route=%2Fwp%2Fv2%2Ftags&post=5723"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}